Igihugu c’Urwanda , uko categuye kwinjiza abayoboke ba Zebiya mu mugwi wo gutera uburundi

Jimmy Nemayimaba yahora mu gisitikare c’uburundi mu batayo burende ya 22 y’i Gitega ub akaba yari ajejwe igihe kitari gito umutekano wa Zebiya;kuri uyu wa 14 Ndamukiza 2018, yabwiye ibimenyeshamakuru ukuntu abayoboke ba Zebiya ukuntu imbere yo kugaruka mu gihugu c’amavukiro babayeho i Kamanyora mu gihugu giharanira demokarasi ya Kongo gushika lu gihugu kibanyi ca Rwanda.

Jimmy Nizeyimana, nk’uwahora ari umusirikare,yavuze ko igendereza ryo mu gihugu ca Rwanda bamushikiriye bamusaba ko yobaha imisore n’inkumi bakaja kwigishwa igisirikare mu kibira ca Nyungwe kandi ko baca bamuha ipita rya komanda muri ico gisirikare.

Jimmy abandanya avuga ko bamurondeye akiri mu gihugu ca Kongo,kandi ko yafatwa neza, ku musi bamuha ibihimbi 5000 mugihe baba bariko bamuronderako amakuru.

Munyuma,igisata kijejwe iperereza bica abayoboke ba Zebiya 39 barashwe,imibonano y’igendereza ryo mu gihugu c’urwanda irakomera,babwirwa kandi ko mu minsi 2 batayo 2 zigizwe n’abasirikare b’igihugu c’uburundi barikumwe n’aba Maï Maï bacuditse hamwe n’imbonerakure babagirako igitero. Abayoboke ba Zebiya imbere y’iminota 30, baciye bamenyesha MONUSCO ko bagiye mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Bashitse mu Rwanda,imisore n’inkumi baciye bacagurwa bajanwa kwigishwa igisirikare.

Nkuko Nemeyimana abivuga amaze kubona ko imisore n’inkumi yacaguwemwo na HCR,yagumanije imigenderanire ikomeye n’igendereza ryo mu Rwanda mu ntumbero ko wene bamufata neza mukumuronsa ivyo afungura n’ibinyobwa. Ariko buri mwanya baguma baza kudukuramwo imitabaga ikigishwa ibijanye n’igisirikare. Bigeze ngaho,yagumye ashaka kumenya ibijanye n’ivyo igihugu c’uburundi. Bamweretse amasanamu ya Godefroid Niyombare akikujwe n’igisirikare c’Urwanda kurubunga ngurukana bumenyi rwa Whatsapp.

Jimmy imvukira yo mu Businde,abandanya avuga ko igendereza ryo mu Rwanda ryamubwiye ko bamaze kugera ku gitigiri c’imiyabaga kigera ku 1.500 bamaze kwigishwa ivyo igisitikare kandi ko ari bo bazoza ubwambere mu gutera igihugu c’Uburundi bafashijwe n’igihugu c’Urwanda ubwa kabiri.

Agerageje kugira umwihwezo w’ivyo bamubwiye, yaribajije ko agiye gukirera igisirikare co mwishamba c’uburundi canke igisirikare c’igihugu c’Urwanda? Iryo gendereza ryo mu Rwanda baramubwira ko bafise ibisongerezi (generaux) 40 bari mu gisirikare co mugihugu giharanira demokarasi ya Kongo, kandi ko ariko bashaka vyogenda mu gihugu c’Uburundi.

Bimaze gushika ngaho, Jimmy arabona ko atamuhamagaro afise w’ico gikorwa »arabona neza ko adashako ko igihugu c’Uburundi kidashobora muri bukoroni n’igihugu c’Urwanda, bugingo abari muri iryo gendereza ry’Urwanda vamubwira ko abasirikare b’Urwanda bazoja gufasha no kugendura igihugu c’Uburundi ubutegetsi bushasha buzoba bwashizweho i Bujumbura. Jimmy amaze kumva ivyo,yaciye afata umwanzuro wo gutaha mugihugu c’amavuko abicishije ku ruyeri rwo gufata itegeko ku bayoboke bose ryo kwanka ko baronswa urucanco ku bana babo n’ukwanka ibifungurwa n’umusururu bahabwa n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR, aca asaba abo barikumwe bose ko botahuka nabo baramugamburukira baca batahukanwa i Burundi.

Zebiya arubatse kandi aba mu gihugu ca Australiya. Jimly Nemeyimana,arashikiriza kandi ko kuva mu mwaka wa 2016 batarasubira kuronka ubutumwa bw’umuyoboke wabo Zebiya,muri uyo mwaka nyene wa 2016 ariho baheruka ubutumwa bwiwe bazanywe n’umunyeshure yiga mumwaka wa 5 mu gisata c’ubuvuzi muri kaminuza y’igihugu c’Uburundi. Jimmy abandanya ashikiriza ko Zebiya ubu ari umuvyeyi afise umwana kandi ko aba mu gihugu ca Austrariya avuye mu gihugu ca Canada yagishitsemwo aciye mu gihugu c’Ubuganda. Kuva ico gihe ubutumwa yatanga yabucisha k’uwitwa Gertrude nawe akaba yiciwe muri bamwe 39 mu bayoboke ba Zebiya bicirwa i Kamanyora. Gushika ubu,ntabutumwa bwa Zebiya bakironka.

Jimmy Nemeyimana ico yavuze ku bayoboke ba Zebiya ko »mugihe umurwi wa Ekereziya gatarika utaravuga aho uhagaze ko avayoboke ba Zebiya bari mukuri canke mu makosa ».

Ku bijanye n’imigenderanire hamwe n’ubutegetsi bw’igihugu c’Uburundi,Jimmy yavuze neza ko imbere yo kuva mu gihugu c’Urwanda ko yatanze itegeko ku bayoboke ba Zebiya uko bategerezwa kwigenza mu kwuvaha amategeko y’igihugu n’abarongozi. Avuga ko gushika ku zuba ry’uno munsi ko ivyo bumvikanye vyubahirijwe. Ariko avuga ko bugingo abantu bamwe bamwe bo mu gihugu hagati cane cane abo i Businde bosubiza umutamana ku mutwe w’abayoboke ba Zebiya.

Jimmy Nemeyimana aricuza ko mu bayoboke ba Zebiya bataye ingo zabo bagasiga abana bagakurikirana Zebiya. Aravuga kandi ko mugihe hariho ababikoze nabi muri bo,vyumvikana ko inyigisho za Zebiya ari izibinyoma. Aremeza kandi ko hari igihe abajejwe umutekano n’abayoboke ba Zebiya bigeze gutana mu mitwe:bwari ubwicanyi. Yavuze ko ataca baheraniye ubutegetsi aribwo data wabo. Ariko ko vyavuye kuri Ekreziya gatorika mawe wacu kugirango absjejwe umutekano baturase,bituma twaka ibirwanisha babiri muribo. Twarabatse ibirwanisho 2 jewe ubwanje ndazita mwishamba. Niko guca tuja mu buhungiro.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s