BBC na Radiyo Ijwi rya Amerika zahagaritswe gukorera mu Burundi mu kiringo c’amezi atandatu

Urwego rujejwe gukurikirana ingene ibinyamakuru bikora mu Burundi CNC rwahagaritse iradiyo BBC y’abongereza na radiyo ijwi rya Amerika gukorera ku butaka bw’Uburundi, mu kiringo c’amezi atandatu, igisata co kumenyekanisha c’ikinyamakuru ca Reta Le Renouveau naco gihagarikwa mu kiringo c’amezi atatu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 4 Rusama 2018, umukuru w’urwego CNC, KARENGA Ramadhan, yavuze ko ayo maradiyo abiri yahagaritswe kwumvikana ku butaka bw’Uburundi, kuva kw’igenekerezo rya 7 Rusama 2018, kuko atubahirije amategeko agenga umwuga wo kumenyesha amakuru.

KARENGA Ramadhan arongoye ikigo CNC yavuze ko iradiyo BBC yahagaritswe kuko yagabishijwe ariko ntiyakurikiza ivyari mw’ikete ryo kugabishwa, ryayisaba kwama riha ijambo abegwa bose n’inkuru, hamwe no gutohoza neza amakuru ku bayatanga.

Umukuru w’urwego CNC yavuze kandi ko, iradiyo BBC ihagaritswe kubera inkuru yacishije ku gisata cayo ca BBC Afrique,kw’igenekerezo rya 12 Ntwarante 2018, iyo nayo imaze kwumvirizwa n’abakozi ba CNC bakurikirana ibica ku maradiyo, basanze ihungabanya ukubana neza hagati y’abarundi.

Muri ico kiganiro, umukuru w’urwego CNC avuga ko BBC itagarukirije aho gusa, kuko kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2018, mu kiganiro ’’l’invite de la semaine’’, yahaye ijambo umurundi aba hanze, umumenyeshamakuru akaba atashoboye kumusubiza ku murongo, igihe yariko avuga ibintu birenza urugero, bidafise ivyemezo, bibiba urwanko rufatiye ku bwoko, kutubaha amategeko, kandi bityoza umukuru w’igihugu, ari navyo vyatumye Reta yitura urwego CNC.

Ku ruhande rw’iradiyo ijwi rya Amerika, umukuru w’urwego CNC, yasiguye ko iyo radiyo yahaye akazi, mu gisata cayo c’igiswahiri, umumenyeshamakuru w’umurundi aronderwa n’umutahe mpuzamakungu, yongera ibandanya icisha amakuru yayo ku murongo w’iradiyo itacemerewe kuvugira ku butaka bw’Uburundi.

Umukuru w’urwego CNC, yavuze kandi ko iradiyo ijwi rya Amerika ryatanze amakuru kw’igenekerezo rya 4,5,17 na 26 Ndamukiza 2018, ayo nayo urwego CNC rukaba rwasanze ahengamye, atisunze amategeko y’umwuga, ahamagarira urwanko muvya poritike, kandi atari atohojwe neza.

Ikigo kijejwe kugenzura uko ibinyamakuru bikora mu Burundi, vyagabishije kandi amaradiyo Isanganiro, CCIB FM plus n’iradiyo RFI y’abafaransa zagabishijwe.

Umukuru w’urwego CNC yavuze ariko ko abafatiwe ibihano bafise uburenganzira bwo kwunguruza, mu gihe turi mu gihugu gifise Reta ishingiye ku mategeko.

Izo ngingo z’urwero rugenzura uko ibinyamakuru bikora mu Burundi CNC, zifashwe inyuma y’umunsi umwe gusa hahimbajwe umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru, Uburundi bukaba buri mu kibanza c’159, mu bijanye n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru.

Izo ngingo zafatiwe mu nama yahuje abagize urwego CNC, kur’uno wa kane igenekerezo rya 3 Rusama 2018.

Publicités