Umugambwe RANAC ntuzokwitaba igikorwa co kwiyamamaza

Umugambwe RANAC (Rassemblement National pour le Changement) umenyesha ko utazoja mu gikorwa co guhamagarira abanywanyi bawo kuzotora « Ego » canke « Oya » kuko bataronse ibwirizwa nshingiro kugira bamenye ibirimwo.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 4 Rusama 2018, Umukuru w’umugambwe RANAC, Aloys BARICAKO yamenyesheje ko igikorwa co kwiyamamaza kijanye no guhamagarira abanywanyi kuzotora « Ego canke « Oya » atari igikorwa c’imigambwe ahubwo ari igikorwa ca Reta yonyene.

Aloys BARICAKO atwara RANAC yavuze ko no mu mwaka w’i 1992 hamwe no mu mwaka wa 2005 ata migambwe yagiye kwiyamamaza ibwirizwa nshingiro ryari ryahinyanyuwe ariko vyakozwe na Reta.

Aloys BARICAKO yavuze ati : “Igikorwa kijanye n’ibwirizwa nshingiro categerezwa gukorwa n’ubutegetsi si ikibazo ca Reta.”

Umukuru w’umugambwe RANAC yamenyesheje ko ikiringo bihaye co kurindira ko baronka iryo bwirizwa nshingiro giheze bazoca babwira abanywanyi babo batore ikiri ku mutima wabo.

Aloys BARICAKO yongeye kandi amenyesha ko naho batazoja mu gikorwa co kwiyamamriza ibwirizwa nshingiro bidasigura ko ibikorwa vy’igihugu bitabaraba.

Aloys BARICAKO yagize ati : “Ibikorwa vy’igihugu biraturaba naho tutazoja muri ico gikorwa. Nico gituma turiko turabikwirikiranira hafi.”

Publicités