Bujumbura : Ibidandazwa vyari bibitswe mu nzu Makelele vyahiye biratokombera

Ibintu bigizwe ahanini n’ibifungurwa nivyo vyahiye biratokombera mw’ijoro ryo kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 4 Rusama 2018, mu bubiko buri mu nzu yitwa Makelele, iri muri karitiye asiatique, mu gisagara ca Bujumbura.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko uwo mucanwa wadutse nk’igihe c’isaha imwe z’ijoro, uturira ubwo bubiko bwarimwo ibintu bigizwe ahanini n’ibifungurwa.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, avuga ko abajejwe kuzimya bahashitse kare, naho basanze ivyari muri ubwo bubiko vyamaze gusha vyose.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, yemeza kandi ko abajejwe kuzimya baciye bakinga kugira ubundi bubiko bwegereye aho ntibufatwe n’umuriro.

Pierre NKURIKIYE avuga ariko ko gushika ubu, icatumye uwo muriro waduka kitaramenyekana.

Publicités

Un commentaire sur “Bujumbura : Ibidandazwa vyari bibitswe mu nzu Makelele vyahiye biratokombera

Les commentaires sont fermés.