Kayanza : Abigisha 13 bo kw’ishuri rya Komine Matongo baciriwe gupfungwa imyaka itanu

Sentare isubiramwo imanza ya Ngozi, yaciriye abigisha 13 bo kw’ishuri ryisumbuye rya komine Murambi, muri komine Matongo, intara ya Kayanza, gupfungwa imyaka 5, inyuma yo kwagirizwa gushaka kwica umuyobozi wabo.

Abo bigisha bagizwe n’abakenyezi batanu hamwe n’abagabo 8, baciriwe urwo rubanza kur’uno wa kane, igenekerezo rya 3 Rusama 2018, inyuma y’amezi abiri bamaze bari mw’ibohero.

Urwo rubanza baciriwe, rusa n’urwari rwaciwe na sentare nkuru y’intara ya Kayanza, haraheze amezi abiri, bagiheza guhagarikwa, inyuma y’ukutumvikana kwabonetse hagati yabo n’umuyobozi.

Abo bigisha uko ari 13, ntibahengeshanije kuvuga ko ari abere, ata caha kibagira co gushaka kugandagura umuyobozi w’ishuri.