Ibirwanisho bitandukanye vyarobwe mu ruzi Gikoma

Ibirwanisho bigizwe n’inkoho 2 , amagerenade, ibikono vy’amasasu n’amasasu ,nivyo igiporisi carovye mu ruzi Gikoma, mu gatondo ko kur’uno wa gatandatu igenekerezo rya 4 Rusama 2018.

Amakuru ava mu begereye aho ku ruzi Gikoma, amenyesha ko ivyo birwanisho bigizwe n’inkoho imwe yo mu bwoko bwa Kalachnikov, inkoho imwe yo mu bwoko bwa FAL, gerenade 4, ibikono vy’amasasu 17, hamwe n’amasase 46.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko abaporisi bajejwe umutekano wo mw’ibarabara bari bagiye mu kazi kabo ka minsi yose kw’ibarabara riva mu gisagara ca Bujumbura rija mu ntara ya Bubanza, baca babona umufuko ureremba ku mazi, baca barawuroba, ariko gusangamwo ivyo birwanisho.

Gushika ubu, baba abanyagihugu bo ngaho hafi y’uruzi Gikoma canke abajejwe umutekano, ntawuramenya iyo ivyo birwanisho vyaje bizanana.

Publicités