Umurwi CENI washize ahabona iminsi yo gutora ikarata iranga uwutora

Umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora CENI, umenyesha ko igikorwa co gutora amakarata y’uwutora mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, kizokorwa kuva kw’igenekerezo rya 9 gushika kurya 13 Rusama 2018, aho umuntu yiyandikishirije.

Nkuko biri mw’itangazo ry’umurwi CENI ryo kw’igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2018, ryateweko umukono n’umukuru w’uwo murwi Pierre Claver NDAYICARIYE, ico gikorwa kizoba kuva isaha imwe n’igice mu gatondo, gushika isaha icumi n’imwe n’igice ku mugoroba.

Iryo tangazo, rimenyesha ko ico gikorwa kizokorwa n’abajejwe gutanga ayo makarata, bahagarikiwe n’abakozi b’imirwi itegura amatora mu makomine CECI, kandi kikagenzurwa n’abakozi b’umurwi utegura amatora mu ntara CEPI.

Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.

Publicités