Ni tugume mu Mana ntidutezure tuzoshika.

Yesu ashimwe cane? imbere ya vyose ndabifurije umugisha uva kuri Data Wa twese ahoraho ubabeko.

Yohana15:4 Ni mugume muri jewe,nanje ngume muri mwebwe. Nk’ukw’ishami ritabasha kwama ubwaryo,ritagumye mu mumuzabibu,ni ko namwe mutabibasha,mutagumye muri jewe.

umujanama wacu, arinawe mwami n’umukiza wacu,akongera akaba umucunguzi kandi ninawe mugabisha w’intambara zacu zose,ni we Yesu Kristo. Atwingingira kumugumamwo kuko twebwe ataco twishoboje.

birahimbaye kubwirwa n’umwami ngo niwigumire ngaha ibwami, ntanakimwe uzokena,ubwo ni ubuntu budasanzwe.

Uwo woba uri wese n’ivyo woba ufise vyose udafise Yesu ni ubusa gusa. Isi irahinduka,ivy’isi birahera abo wita abakomeye bananirwa ariko Yesu yama arumwizigirwa muri vyose na hose, Amen

Ntugasigeho gusenga ,Yesu ntari Kure yawe,azoshitsa ivyo yemeye,niwasenga azokwishura.

Ncuti yanje ndakwinginze , naho woca mubikomeye bitandukanye , ntugasigeho gusenga, ntiwikure kuri Yesu Kristo kuko woba ubaye umwana w’icangazi yababaje se wiwe. Muri Yesu harimwo ivyo ushaka vyose kuko ni umutunzi w’ivyiza vyose.Amen

Dusenge : Turagushimye Yesu Kristo kubw’impanuro uduhaye zokutakuvako,kuko tutabasha tutagufise,icubahiro ni ic’Uhoraho umuremyi w’ijuru n’isi na Kristo Yesu umucunguzi wacu. Ngwino utabare imitima irushe,iyirambiwe,iyidendebukiwe,uyambike imbaraga murugendo. kiza abana bawe,uramire abagororotsi murugendo,dusengeye abakwubaha Bose aho batumbereye kw’isi ngo ubarinde kunanirwa,ikimenyetso c’amaraso y’imbabazi kitwameko, ni mw’izina rya Yesu Kristo umwami n’umukiza wacu dusenze twizeye.Amen

Publicités