Urupfu rwa Colonel Jean Felix Ntahonkuriye uko rwagenze.

Nkuko abanyamakuru ba Radiyo Isezerano babibemereye, babatohoreje uko urupfu rwa Jean Félix Ntahonkuriye, inyeshamba yo muri FNL yarafise ipete rya Colonel hanyuma akiha ipete rya General rwagenze.

Vyatanguye bivuye k’ukutumvikana hagati ya Aloise Nzabampema (General) umukuru w’ingabo n’uwo muvugizi w’umuhari FNL Jean Felix Ntahonkuriye. Bakaba bapfuye yuko Aloise Nzabampema ngo adashaka gutunganya ibikogwa vya gisirikare mugihugu ngo bagwane bakongera bakanapfa n’ingene amafaranga baronka akoreshwa na Aloise Nzabampema atabagishije inama. Amaze kwiyonkora akaja ukwa wenyene agiye atwaye abasirikare mumashamba ya Kongo, Jean Felix Ntahonkuriye yubatse umugwi wiwe maze atangura kwegeranya ibigwanisho n’abagwanyi no kurondera iyindi mihari ifise abayifasha kugira ngo bafadikanye. Aho hose kwari ukugira ngo aronke uko yobakurako amafaranga kuko mu mutwe wiwe yarazi yuko agiye kuba kizigenza w’umuhari wiwe.

Nkuko mwavyumvise mwitangazo yasohoye, yagerageje guhirika inzego zirongowe na Aloise Nzabampema kuwa 5/1/2018 mugabo biba impfabusa; uyo nawe aca atangura kumwimbira mugabo ahisha ivu. Yamurungikiye umurwi w’abagwanyi bitwa yuko bamutorotse mugabo atawundi mugambi bafise atari ukumugenza kugira bazomukureho mbere banasambure uwo mugwi wiwe. Umunsi ugeze bidatevye kuwa 19/03/2018 niho bamwivyukiranya baramwica bafadikanije n’igitero sindamusiga General Aloise Nzabampema yarungitse banamugerekako abandi benshi atagitigiri nubu kiramenyekana. abacitse kwicumu bakaba nubu bagishwiragiye mu mashamba. Hagati aho hakaba hari abandi bari barabonye yuko Jean Félix Ntahonkuriye nawe nyene yafashe inzira idashika mukwirondera amaronko no gusahura abamugiriye icizere bose baca bakura meza. Afadikanije n’abavukanyi ba Aloise Nzabampema babiri, Jean Felix Ntahonkuriye yaramaze kwegeranya amahera asaga miliyoni 400 tuyashize mumarundi, bakaba bari bagira batangure urudandazwa ngo barufadikanye nico bita kugwanya Leta y’uburundi. Ubwicanyi bw’abagwanyi hagati yabo buracabandanya kuko aho biciye Jean Felix bashikirije Aloise Nzabampema telefone ngendanwa y’umuhisi Jean Félix, nawe aca abona umutumwa (messages) yahererekanya n’abo bavukana babiri eka n’abandi bandikiranira, Général utanka agashavu karaniga atihoye ntazoryama ngo aribone. Intambara ishobora kuva muvyo kubohoza ubutegetsi nayo igihugu coco ni ibindi, ikaja mw’ihorihori. Tubibutse yuko mumigwi igwana aribo bamaranye hagati yabo gusumba abagwa kurugamba n’ingabo zigihugu. Reka tubibutse nka ba Fideli Nkeshimana na Israël Hatungimana n’abandi barikumwe mu bemera ivyisezerano; nka Rogatien Negamiye na Antoine Bariyanka (Shuti) muri FNL Nzabampema, nka Édouard NSHIMIRIMANA, Jérémie Ntiranyibagira (Nyenyenye) na Emmanuel Ndayizeye (Rugwe ) muri Forebu-FPB, n’abandi benshi turetse ubwicanyi bwabereye muri za CNDD-FDD na FNL bakiri mwishamba.

*…abanyamakuri ba Radio Isezerano.com…*

Publicités