10 bapfuye, ijana bari mu bitaro kubera amazi muri Cambodge

Abanyagihugu cumi bo mu kigwati kimwe bapfuye abarenga ijana nabo binjira ibitaro nyuma yo kunywa amazi yanduye mu gihugu ca Cambodge.

Vyibazwa ko imvura yatembeje imiti ikoreshwa ku biterwa, iyisuka mu ruzi abanyagihugu bavomamwo mu ntara ya Kratie.

Bafashwe n’uburwayi bufise ibimenyetso vyo kuzungurirwa, kunanirwa guhema hamwe no kudahwa.

Publicités