Afrika Yepfo: Abahitanywe na nyamugigima muri Afrika y’epfo biyongereye

Igitigiri c’abantu basize ubuzima mu kirombwe bimbamwo inzahabu muri Afrika y’epfo nyuma ya nyamugigima kimaze gushika ku bantu indwi.

Ikigo cimba inzahabu Sibanye-Sillwater cavuze ko abakozi batatu bari batabawe bahitanywe n’ibikomere kwa muganga.

Isoko rya nyamugigima yo kuwa kane ryari hafi y’aho abo bakozi bariko barakorera hanze y’umuji wa Johannesburg.

Bikiba abagabo cumi na batatu baheze mu kuzimu, ku burere bw’ibirometero bitatu uvuye hejuru ku si.

Ico kigo kivuga ko batandatu muri bo bari kwa muganga kandi ko bariko baroroherwa.

Mu kwezi kwa kabiri abakozi bo mu kirombwe bashika hafi igihumbi muri Afrika y’epfo bamaze mu kuzimu amasaha ashika kuri 24 bivuye kw’ibura ry’umuyagankuba, mu kirombwe c’ico kigo nyene.

Publicités