Israel-Palestine: Abanyepalestine baracagira imyiyerekano ku rubibe rwa Isiraheli

Amajana y’Abanyepalestine bagize imyigaragamvyo ku rubibe n’igihugu ca Isiraheli, ukaba ari umunsi wa gatanu ugira gatandatu babikora bikurikiranya.

Amakuru avuga ko bamwe mu bigaragamvya bakomerekejwe n’amasasu ya kaucu hamwe na nyayo, yarashwe n’abasirikare ba Isiraheli.

Hari abandi mu bigaragamvya bahawe ubuvuzi kubera ivyuka biryana mu maso bahemye.

Isiraheli ivuga ko ikoresha inguvu mu ntumbero yo kubuza ko hononwa uruzitiro rw’urubibe canke ngo hagire uwurengana urwo rubibe.

Abanyepalestine bashika mirongo ine na bane nibo bamaze gusiga ubuzima muri iyo myiyerekano imaze izo ndwi zose.

Iyo myiyerekano ni iyo kwibutsa imyaka mirongo indwi ihaciye kuva aho ibihumbi vy’Abanyepalestine b’abarabu birukaniwe canke bagahunga leta nshasha ya Isiraheli.

Publicités