Dusangire Ijambo ry’Imana: YESU UMUHEREZI MUKURU ASENGERA ABIWE.

Uhoraho agize neza ko aduhaye ayandi mahirwe yokumukorera nokwitondera ijambo ryiwe. iyi ndwi izotubere iyo gukirizwamwo,kwubaha Imana nogutabarwa muri vyose na hose.

YESU UMUHEREZI MUKURU ASENGERA ABIWE.

YOHANA 17:9,11Ndabasabira;sinsabira ab’isi,ariko nsabira abo wampaye kukw’ar’abawe. Sinkiri mw’isi,ariko bo bari mw’isi,nanje ndaje kuri wewe.Data wera,ubazigamire mw’izina ryawe wampaye,ngo babe umwe nk’uko natwe turi.

Ko Yesu Kristo adusengera biraduhagije. Mbega ni igiki cogutera ubwoba kandi umucunguzi wawe agusengera?Ariko ntabwo asengera Bose .

None uragomba kuba mubasengerwa na Yesu?

Yavuze ngo ndabasengera ariko sinsengera bose,… Yesu asengera abitondera ijambo ry’Imana,asengera abakijijwe vyukuri bamaze kwanka noguheba ivyaha. Mukudusengera yavuze ngo Data ubazigamire mw’isi,ubarinde,ubarwanirire,ubashoboze,ubahe urukundo,…

Kandi wibukeko Yesu yavuze ngo ntimwiganyire ahubwo murondere ubwami bw’Imana nokogororoka ibisigaye navyo,muzovyongerwa, ngo ivyo vyose data arazi ko mubikenye,araziko bibabereye,arabitayeho. Ntimwihebure ahubwo mwame muri maso murorereye databuja,Amen.

Uhoraho Mana nzima turakwizeye kandi tuguhaye icubahiro muri vyose nahose, Uturinde kugucumurako,uturinde amarira n’amaganya,uduhe kugukorera tubikunze kandi ubane n’abakwubaha Bose ni mw’izina rya Yesu Kristo twizeye,Amen.

Publicités