Antoine KABURAHE agiye kwitura ubutungane ku caha c’uwashatse kugandagura umupfasoni wiwe

Antoine KABURAHE, umuyobozi w’ikinyamakuru IWACU asanzwe ari mu buhungiro mu gihugu c’Ububirigi avuga ko agiye kwitura ubutungane kugira inzego zibijejwe zimufashe gukurikirana uwagirizwa ko yashatse kugandagura umupfasoni wiwe, ariko Imana irakinga.

Antoine KABURAHE amenyesha ko mu gihe yari mu rugendo mu gihugu ca Suede, kuri uwu w’Imana, umupfasoni wiwe yategerewe mw’ibarabara nk’igihe c’isaha cumi na zibiri mu gihugu c’Ububirigi, acumitwa imbugita hafi y’umutima hamwe n’umushishito, ariko Imana ikaba yarakinze, kuko ivyo bihimba vy’umubiri bitashikiriwe, nk’uko vyemezwa na Antoine KABURAHE avuga ko uwacumise uwo mupfasoni wiwe yafashwe n’igiporisi c’Ububirigi, bikaba bivugwa ko yoba afise ubwenegihugu bw’Urwanda.

Uwo arongoye ikinyamakuru IWACU ashikiriza ko agiye kwitura ubutungane, kugira ashobore kumenya vyinshi, ku washatse kwicwa umupfasoni wiwe.

Publicités