Econet Leo yatanguje inyigisho mu buhinga bwayo bwiswe BIRAMARA

Ishirahamwe ryo gutumatumanako EconetLeo ryatanguje inyigisho ku rwaruka rwababa 40 mu bijanye n’ubuhinga bwiswe BIRAMARA. Umuyobozi ajejwe ubudandaji muri EconetLeo, yamenyesheje abagiye gukurikirana inyigisho, ko kazoza k’Uburundi kari mu minwe yabo, biciye mu nyigisho bazoronka.

Mw’ijambo ryiwe, umuyobozi w’ubudandaji mw’ishirahamwe EconetLeo, Isaiah Nyangari, yavuze ko abo bagiye guhabwa inyigisho ari aba mbere, kandi bashobora gufasha igihugu c’Uburundi gutera imbere, kuko Uburundi bukeneye abantu bafise ubumenyi bukwiye.

Ati :« Nimwe mufise mu minwe impinduka z’igihugu. Uburundi kugira butere imbere bukenye abantu bize kandi bakora bisunze amategeko, ni naco gituma twabahamagaye kugira tubahe izi nyigisho. »

Umuyobozi w’Ubudandaji mw’ishirahamwe EconetLeo, Isaiah Nyangari, yahamagariye urwo rwaruka, kuja mu bagenzi babo bakabahimiriza gukoresha imashini nyabwonko, no gukoresha ubuhinga bwa BIRAMARA.

Aimé Florian NGABONZIZA akora mw’ishirahamwe EconetLeo amenyesha ko, BIRAMARA ari ihuriro ry’urwaruka ikaba n’ingendo nshasha y’ishirahamwe EconetLeo, ifasha urwaruka kwiyigisha no kwigisha abandi.

Avuga ko BIRAMARA ije gufasha urwaruka mu kubaha ubumenyi buzobafasha kwironderera akazi, kuko inyuma y’izo nyigisho, bazosohoka bafise urugero rwiza rwo gukoresha ubuhinga bwa none, kandi n’impapuro bazohabwa zemewe mu bushikiranganji bw’indero.

Ku ruhande rwiwe, ARAKAZA Emery, umwe mu bariko baronswa izo nyigisho, avuga ko yavyakiriye neza, kuko afatiye ku gihe tugezemwo, bisaba ko umuntu ajana n’ibihe na cane cane gukoresha ubuhinga bwa none n’imashini nyabwonko.

Ahamagarira urundi rwaruka kugerageza kujana n’abandi mw’iterambere, rishingiye ku buhinga bwa none, kuko ari naho amakuru menshi aca muri ibi bihe.

Publicités