Ruyigi : Uwagirizwa gutera Gerenade mw’isoko yaciriwe urubanza

Sentare nkuru y’intara ya Ruyigi yaciye kuri uwu wa kabiri urubanza rw’uwitwa KANANI Yohani yagiriwe n’icaha c’ugutera igerenade mw’isoko ya Kabuyenge, komine Gisuru, intara ya Ruyigi.

Uwo yagiriwe n’ico caha yaciriwe urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose.

Iyo Gerenade yatewe kw’igenekerezo rya mbere Rusama 2018, ikaba yahitanye abantu babiri.

Publicités