Umurwi CENI watanze igitigiri c’abitezwe kwitaba amatora y’ibwirizwa nshingiro

Umurwi wigenga utegura amatora CENI, umenyesha ko abantu 4.768.143 aribo bazokwitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.

Mu kiganiro umuvugizi w’umurwi CENI, Prosper NTAHORWAMIYE yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 8 Rusama 2018, yavuze ko imyiteguro y’amatora igeze ku rgero rushimishije, kandi ko isango ari ntabanduka.

Umuvugizi w’umurwi CENI amenyesha ko, mu gihe hari abiyandikishije usanga bibagora kwandika canke gushira urukumu imbere y’aho batoye, bashobora gusaba uwubafasha, mu gihe uwo agiye gufasha afise uburenganzira bwo gutora.

Prosper NTAHORWAMIYE avugira umurwi utegura amatora CENI, yavuze ko batazotamba birorera, kuko amashirahamwe 39 adaharanira ivyicaro vya poritike, yamaze kuronka uburenganzira bwo kurorera amatora.

Umuvugizi w’umurwi CENI, yasubiriye kwibutsa kandi abarundi biyandikishije kugira bazokwitabe amatora, ko amakarata y’uwuzotora azotangura gutangwa kw’igenekerezo rya 9 gusahika kurya 14 Rusama 2018.

Kur’uyu wa mbere, niho umurwi CENI washikiriza abarongoye imirwi itegura amatora ku rwego rw’intara CEPI, amakarata y’abatora hamwe imiduga bazokoresha mu gihe c’amatora.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s