Igipolisi ca Nigeria cavuze ko abo bose bipfuza kwinjira muri urwo rwego rw’umutekano bazobanza gupimwa ko badafise ingwara zo mu mutwe.
Icegera c’uwurongoye igipolisi ari nawe ajejwe gutangisha ivyigwa, yashikirije iyo ngingo hatanguzwa igikogwa co kurondera abapolisi bashasha i Abuja, akavuga ko intego ari kuraba ntibahe akazi abafata ibiyovyabwenge, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC Chris Ewokor.
Abantu 130000 nibo bari ku ntonde z’agateganyo z’igipolisi, bakaba basabwa kubanza gupimwa ingwara zo mu mutwe.
Abarondera akazi bazosuzumwa kandi ko bafise umugera VIH, mu gihe abigeme nabo bazopimwa ko boba bibungenze.
Hari abantu benshi bibaza ko igipolisi coba kirondera impavu zotuma kigabanya igitigiri c’abarondera akazi.
Hari n’abasaba ko ukwo gupimwa kwokogwa no mu bantu bari mu kazi, bitewe nuko hari amakuru avuga ko hari abanyagihugu bahohotegwa n’abapolisi b’abagabo.
Ubutegetsi buvuga ko bukenye abapolisi bofasha mu gucungera umutekano w’abanyagihugu bashika hafi imiliyoni 200.
A reblogué ceci sur Peuples Observateurs Avant Garde Togolaise et Africaine.
J’aimeAimé par 1 personne