Turashimiye nyakwubahwa,Uhoraho yatuzigamye.
Yohana15:7 nimwaguma muri jewe,amajambo yanje akaguma muri mwebwe,musabe ico mugomba cose,kizonabera kuno.
nkwipfurije kuguma muri Kristo Hama amajambo yiwe akugumemwo,uzoca ugenda wemye kuko azogutura imitwaro yawe yose.Avuze ngo ucumubasa ico ugomba cose kandi kizokubera gutyo.Ariko iyo usaba wibuke gusaba ivyiza kuko Haribo abasaba ibibi kubw’abansi babo, bitewe nagatimatare kari muri bo.
amajambo yiwe azoguma muri wewe Igihe ukunda kwumviriza ubutumwa bwiza,gusoma bibiliya no gusenga.
Turabe inyungu z’umuntu yama asoma ijambo ry’Imana kandi arisengera.
1.muri bibiliya dukuramwo Inyigisho zitandukanye.
2.twungurwa ubwenge
3.tuyaga n’Imana mu buryo butandukanye.
4.turasenga,iyo turiko dusoma amajambo yogusenga.
5.turashima Imana,tukaronka ingene twatura ubushobozi bw’Imana
6.twongerwa ubwenge,tukamenyeshwa ivyabaye,ibiriho,hamwe n’ibizoba.
7.twongerwa gukunda Imana n’abantu.
Data rukundo turagushimiye kubw’amajambo yawe,uduhe umutima wokukwubaha nokukwubahisha,uturwanirire mu ntambara zose turwana ni mw’izina rya Yesu Kristo dusenze twizeye,Amen.