Imana irihanikiriza ubusambanyi mubayitirigwa.

Ubusambyi buri kwinshi. Ubuvugwa muri Bibiliya Yera ni ubusambayi bw’umubiri abantu basanzwe bakora, n’umusambanyi bw’impwemu aho abantu bikubita imbere y’ibigigwamana canke bagasenga izind’imana atari Uhoraho yaremye ijuru n’isi. 🌈IBWIRIZWA RYINDWI,IMANA ITWEREKA KO DUKWIYE GUHUNGA UBUSAMBANYI,ARIKO MURIYIMISI TURIMWO YIHEREZO,ICO CAHA WOGIRANGO NIBISANZWE,dayimoni YAKOBEJE YIGISHA ABANTU UBUHINGA BUTANDUKA BWO GUSAMBANA,MPWEMU MBI YEREKANA KO ARI AMAJAMBERE,ARIKO BIRABONEKAKO VYAMAZE KURENGA URUGERO rwi sodoma n’a gomora, UHORAHO DUTABARE.🌈

IMIGANI 6:20_21_22_23_24_25_26_27_28.

20/Mwana wanje,itondere icagezwe ca so,kandi ntute ibwirizwa ryanyoko;

21/Ubihambirire ku mutima wawe ibihe vyose,ubifundike mwizosi ryawe.

22/Bizokuja imbere ugenda,bizoguteramira usinziriye,bizoyaga nawe wikanguye.

23/Kukw icagezwe ar’itara,kand’amabwirizwa ar’umuco.kand’uguhana kw’ukwigisha ar’inzira y’ubugingo.

24/Ngo bikurinde umugore w’umunyakibi,N’uguhemana kw’ururimi rw’umugore w’icigenze.

25/Ntukipfuze ubwiza bwiwe Mu mutima wawe.kandi ntagufatishe kubongeka ingohe ziwe.

26/kuko kubwa maraya umuntu afutana gushitsa asigaye kukamanyu k’agatsima.kand’umusambanyikazi ahiga ubugingo bw’igiciro.

27/Har’umuntu yoshira umuriro Mu gikiriza,impuzu ziwe ntizishe?

28/Canke har’uwogenda kumakara yaka,ibirenge vyiwe ntibizigire?

Publicités