Uwutwara intara ya Cankuzo mu gipolisi yaratawe muri yompi

Komiseri arongoye igipolisi mû ntara yaraye mw’ibohero ry’abagabo ryo mu ntara ya Ngozi. OPC1 Donatien Barandereka batazira Gikoko OPN0479 yari komiseri w’intara ya Cankuzo, yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu hamwe n’uwo bari kumwe kuko inkoho yiwe yafatanywe umuntu asanzwe ari umunyagihugu . Uwo munyagihugu bikavugwa ko ari imbonerakure isanzwe ivukana n’umupolisi mukuru w’igihugu.

Publicités