Cibitoke : Abantu 26 baguye mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

Abantu 26 nibo bitavye Imana, abandi 7 barakomereka mw ‘ijoro ryo kur’uno wa gatanu igenekerezo ray 11 Rusama 2018, mu gitero c’abantu bitwaje inkoho n’imipanga cabereye ku mutumba Ruhagarika, wa komine Buganda, intara ya Cibitoke.

Amakuru ava aho i Buganda, amenyesha ko, ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, aho abantu bitwaje ibirwanisho baca ku nzu ku nzu bakica bakongera bakagenda baturiye inzu.

Bamwe mu begereye muri komine Buganda, bavuga ko batazi abo bantu, ariko ko baje bazananye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano yishikiye kuri uwu wa gatandatu aharaye habereye ubwo bwicanyi, akaba yabuteye ivyatsi, amenyesha ko ababikoze ari abakora iterabwoba.

Kw’iizna rya Reta y’Uburundi yari yaserukiye, umushikiranganji BUNYONI yashikirije ko Uburundi buzokorana na Reta ya Congo mu kurwanya uwo murwi wakoze ico gitero.

Reta y’Uburundi yemeye ko izofasha mu gushingurana iteka abitavye Imana, hamwe no mu kuvuza abakomeretse.

Publicités