Igitero co ku Ruhagarika cari gifise intumbero yo kwihora gusa!

Igitero cagizwe n’umugwi witwaje ibigwanisho mu ntara ya Cibitoke, Commune Baganda k’umutumba Ruhagarika kirerekana yuko mu migwi igwana harimwo idafise intumbero ifadika. Inkuru y’ukuri ni uko hapfuye abantu 26 ku Ruhagarika kurya Kabiri. Aho batazira kwa Gisusu hari umuryango waraye wishwe wose atanumwe asigaye ngo ni umuryango wo kwa Vianney umu polisi akora muri API batazira MUTWA. Hariho n’abavuze yuko uyo ajejwe umutekano boba bamwagiriza ivyabereye mu Ngagara bakaba bamwihoreyemwo. Biravugwa ngo guhera kubavyeyi kugera kubavukanyi biwe babiciye rimwe. Icibonekeza n’uko abo bateye bari bafise intumero yo kwihora no gutera ubwoba abanyagihugu bo muri ako karere ngo ntibazotore ibwirizwa Shingiro. Ico umuntu yoheza ako baza rero ni: « Vyokumarira iki uri umusirikare yiyemera uyobogwa n’umunye politike afise intumbero, kuja kwica umunyagihugu atagira gitabara umusanze mu nzu?  » Canke « Bibamarira iki muri « lutte » kwica abana, abagore n’abatama, abandi ugasiga ubacumise unabavunaguye? » Ibikogwa nkivyo ntaho bitaniye n’ibikogwa vy’iterabwoba, ibikogwa vy’umwijima bidafise aho bishira atari gushira abanyagihugu mumarira n’abaganya navyo bikazana inzigo y’inzikira itera kwihorahorana mubasigaye .

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s