Iyo umenye neza umugambi w’Imana kubuzima bwawe, bigutera gushikama

KUMENYA NEZA UMUGAMBI W’IMANA BIGUTERA GUSHIKAMA.

Ncuti Bene Data,nsubiriye kubaramutsa mw’Izina rya Yesu Kristo Umwami wacu.Uyu musi tugiye kurabira hamwe iri jambo rivuga ngo :NI KUBERIKI IVYO VYOSE IMANA YABIRETSE BIKAKUBAKO?

Kenshi na kenshi turihuta kuvuga no gucira imanza abantu iyo tubabonye amageragezwa,ivyago bihambaye,imitwaro iremereye n’ibimeze nk’imisozi iremereye bibashikiye bikabasenyukirako,tunyaruka kuvuga ko bagaragaye,ngo Imana Irabahanye,ngo bahora biyorobeka,n’ayandi majambo menshi cane.Turavye ivyashikiye bamwe mu bizera batwitangiye imbere,aha twovuga nka Yosefu ingene yahindutswe na benewabo,aragugwa,gushikaho yisanze mw’ibohero ata kimuraba canke ngo kimuvugire,twovuga kandi nka Naboti wewe ntiyagize amahigwe yo kubaho inyuma yo kunyagwa utwiwe ahubwo yahavuye yicwa,dufatiye kurabo babiri tutibagiye na Stefano,(soma Itang igice 37,5-36;39:7-23,1Abami 21:11-16,Ivyak 7:54-60,)

Aho tuhabona akarenganyo gakomeye cane kakorewe abo bagabo kandi barubaha Imana,aho habuze umuntu numwe boganyira canke ngo abatahure igihe bariko barashikigwa nivyo vyago!Umuntu yokwibaza,mbega bari bacumuye koko?Nta mugenzi numwe bigeze bagira mu buzima bwabo?Nta Bakozi b’Imana bari bazinanyi?Turavye nka Yosefu benewabo bwite nibo bamukoreye amashano,Turavye Naboti,Umwami n’umwamikazi nibo bamugambaniye kandi batari bakenye,uravye Ahabu na Yezeberi n’umuntu mutoya nka Ahabu,vyari bigoye cane aho bohuriye.Stefano nawe yagambaniwe Ishengero rihari,mbere yari umwe mu bandi bakozi b’Imana badasanzwe,ariko nta numwe yashobora kumuserukako canke ngo amuvugire muri birya vyago bivanze urupfu vyamushikiye.

Icigisho c’uyu musi nuko womenya ukanatahura ko iyo Umuntu umubonye canke wumvise hari ibintu bigoye cane vyamushikiye kandi asenga canke akorera Imana,si vyiza kunyaruka kwiyumvira ko Imana Imuhanye canke ko atari akijijwe neza,Yesu ariko arababazwa yavuze ngo ibi bibaye ku giti kibisi ngo mbega icumye naco bizogenda gute?

Lero urashobora kwisanga ubwawe uriko urashikigwa .

Aho wisanga mubihe ubwawe bigusiga,ntubitahure,ntutahure abantu,na bonyene bikanka ko bagutahura,mukanacanamwo,bakaguhinduka,ukumigwa,abakwubaha bakaguhindura ikivume,ukisanga mu kangaratete,nagomba ndakugire inama,ndakuremeshe nongere nkubwireko ivyo vyose bisigura Urukundo rw’Imana ruhambaye kuri wewe,kandi ico ari Ikimenyetso kitabesha ko Imana ifitaniye Isezerano rikomeye cane nawe,nimba ivyo waciyemwo bitaguhitanye ngo ubipfiremwo nk’uko bamwe bavyipfuza,Uri Umwe mubo Imana Izokorera yongere Ikoreshe Ibihambaye.Reka kwihutira kwisigura kubo umenga ntibagutahura,rondera kwiyuzuza n’Imana yonyene,guma usenga nturambigwe,umusi umwe Izobiroranya,Izobisobanura,Izokuvugira aho wabuze uwugutahura nicokuvugira.Imana Iguhezagire cane!

Publicités