Isirayeri : Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirugurura ubuserukizi i Yerusaremu

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirugurura ibiro vy’ubuserukizi mu gisagara ca Jerusalem, ingingo ishimwa na Isirayeli ariko igaterwa ivyatsi n’abanye Palestina baguma bagira imyiyerekano yo kuyiyamiriza.

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abategetsi bo mu nzego zo hejuru muri Amerika baza kuba bari muri ivyo birori vy’uyu munsi, harimwo umukobwa w ‘umukuru w’igihugu Donald Trump Ivanka hamwe n’umugabo wiwe Kushner.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko benshi mu bategetsi b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya bataza kwitaba ivyo birori, vyo kwinjira ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika i Yerusaremu.

Ingingo ya Trump yo kwimura ibiro nserukiragihugu vya Amerika abivana i Tel Aviv yarashavuje abanye Palestina bavuga ko akarere ka Yerusaremu yo mu buseruko ari wo murwa mukuru wabo.

Isirayeri yigaruriye ako karere ko mu buseruko bwa Yerusaremu mu mwaka w’1967 mu ntambara yo mu burasirazuba bwo hagati, ikaba ivuga ko ico gisagara ari icayo kandi kitagabanije.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s