Abantu 80 banyurujwe n’abitwaje ibigwanisho muri Nigeria

Amakuru avuga ko niburiburi 80 banyurujwe n’abantu bitwaje ibigwanisho mu ntara ya Kaduna, mu buraruko bushira uburengero bwa Nigeria.

Abari mw’ishirahamwe ryo kwunguruza abantu n’ibintu, bavuga ko abo bantu bafashwe bari kw’ibarabara rikuru riva mu buraruko rija mu bumanuko bwa Nigeria.

Babandanije bavuga ko abo bagabo bafise ibigwanisho bahagaritse imodoka nyinshi, batwara abantu baharugwa mu mirongo mw’ishamba basize izo modoka aho.

Gushika ubu igipolisi ntikirashobora kwemeza ayo makuru.

Ku munsi wa mbere, umukuru w’igisirikare yaragendeye ako karere mu ntumbero yo kurondera gukomeza umutekano uhungabanywa n’inkozi z’ikibi zitwaje ibigwanisho.

Abantu bitwaje ibigwanisho baheruka kwica abantu barenga 70 mu kigwati co muri ako karere mu ndwi iheze.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s