Inyuma y’ubwicanyi bwabaye ku mutumba Ruhagarika, komine Buganda, intara ya Cibitoke, intumwa idasanzwe y’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, Michel Kafando, asaba Reta y’Uburundi gutanga umuco kuri ubwo bwicanyi, ababikoze nabo bashikanwe imbere y’ubutungane.
Mw’itangazo Michel KAFANDO yashikirije, amenyesha ko yiyamirije ubwo bwicanyi bwahitanye abanyagihugu 26 bitavye Imana n’abandi benshi bakomeretse, mu gihe mbere bwabaye mu bihe vya poritike bitoroshe, hariko haba imyiyamamazo y’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.
Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi, Michel Kafando, ahamagarira abanyeporitike mu butandukane bwabo, gutorera inyishu ivyo badahurizako biciye mu nzira z’amahoro, no kwigumya mu gihe cose hoba agasomborotso.
Michel Kafando, yasubiye kwemeza ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ritazokwigera rishigikira abatorera inyishu babicishije mu gusinzikaza agateka ka zina muntu.