Ishitswa ry’ubuhanuzi: Kuba Yerusalemu ibaye umugwa mukuru wa Isirayeli ni ishitwa ry’amasezerano.

Ubuhanuzi burashikijwe mu maso yanyu. Ibibera iyerusalemu ubu nivyo gukurikiranira hafi. Yerusalemu yamye irangwa n’ibihe bitoroshe n’inkumbi zikagwa, kandi si ikintu gica gihinduka uyu munsi.

Igihe abahanuzi bo muri Bibiliya bavugishwa yuko Yerusalemu izoba umugwa mukuru w’ubutware bw’Imana hano kw’isi, barashimangira yuko kizoba “igikombe c’inkarisha” kandi “ ibuye riremereye” ku mahanga (Zachariya 12 :2-4). Erega ubuhanuzi bwo muri bibiliya nyene buratomora yuko igihugu ca rutura co muza bulaya kizokwizizira muvya gisirikare Yerusalemu gushika Yesu Kristo agarutse kw’isi (Daniyeli 11 :40-43). Yerusalemu nico gisagara gitangaje kuba Kristo, abayuda n’aba isiramu kandi kizobandanya kuba imbarutso y’intambara gushika Yesu agarutse.

Imana itegeka abantu bayo gusengera “Amahoro ya Yerusalemu “ (Zaburi 122 :6). Kubona Yerusalemu yaraye ibaye umugwa mukuru wa Isirayeli ni kimwe mw’ishitswa ry’ubuhanuzi bwo muri bibiliya kandi n’abantu benshi baca batahura yuko Bibiliya atari igitabo gisanzwe nk’ibindi mugabo kw’ari Ijambo ry’Isumba vyose.

Dr. Merlin Dusengumuremyi, abisezerano.com

Une réflexion sur “Ishitswa ry’ubuhanuzi: Kuba Yerusalemu ibaye umugwa mukuru wa Isirayeli ni ishitwa ry’amasezerano.

Les commentaires sont fermés.