
Nkuko uhoraho Imana ya dutegetse ku misi ya gatatu niya gatandatu, twama dufise amasengesho ya gusengera Uburundi n’abarundi
URUFATIRO
» NTUVE KUMASEZERANANO YAWE KUBWO INYUNGU MBI Z’IBI BIHE »
IBISOMWA
– itanguriro 25:27-34
– zaburi 15: 4c
– 1 Abami 21:1-13
INDIRIMBO
16; 77; 123; 93; 45; 49; 39; 272.
IVYOMPWEMU AHISHURA
-Abantu benshi baba abihanga, abarundi , abarundikazi, abizera ….. mwiyi misi bataye ivyizigiro.ivyo bigaragazwa no guhemuka muburyo ubu canke buriya; gushika naho benshi kubwo amaronko usanga ubwizigirwa bwaragiye. Naho biri uko Imana yacu Iracari umwizigirwa. Ivyo yagusezeraniye; ivyo yasezeraniye ihanga ryayo bizoshika vyose.
IMPANURO
-Naboti ati » Uhoraho ntakavyunve ko noguha ishamvu narazwe naba sokuru ». Nawe aho uhagaze mugenzi hagarara kuco wavuganye n’Imana ntugoke. (1abami 21:3), Kubwinzara nka Esau ( Itanguriro 25:32-34).
IVYO GUSENGERA
-Abagujije amasezerano n’ibindi kubera ibihe runaka ( ubwoba ; inzara; guhomba ; ubukene; agahimbo; guhahamira ivyicaro n’amaronko, etc)
– Indongozi z’ihanga: kuva kumutwe gushika hasi.; abaririmvyi ; abasenzi; abavugishwa ……
– abagowe: impfuvyi ; abapfakazi; abapfunzwe; abagwaye, impunzi, abafise Imanza zanse gucibwa;
– abifumbereje kubera ibiza vy’invura, ababuze ababo ku Ruhagarika n’iyindi mitwaro iri aho iwanyu harimwo gusengera imitima kubwo amatora yo kuwa 17/05/2018.
Ni dusangwe Imana – Uburundi n’Isezerano.
Bigiriwe I Bujumbura le 14/05/2018.
Http//:www.abisezerano.com