Emanuel Mugabo yarabuze abana batanu, bishwe n’umuriro

Umurundi yitwa Emmanuel Mugabo aba muri Caroline yaruguru muri Leta zunze ubumwe za Amerika yabuze Abana batanu icarimwe. Babiri baciye bapfa aho nyene abandi batatu baguye mubitaro.

Iryo sanganya ry’umuriro ryaturiye inzu n’ibirimwo vyose mugihe nyina w’abana yari yaraye kukazi. Muri leta babamwo kuzika uwawe bitwara uburyo bwinshi kandi udashoboye kubafubana iteka Leta yaho ica ibaturira kuko niyo mategeko. Kubwivyo, uwo muryango wasigaye wipfumbereje uriko urasaba ubufasha. Ushaka kubagarukirako mwohamagara

+13192108234/+13366058827

Publicités