Tube maso: Yesu yaduhaye mpwemu Yera yamana natwe,agendana natwe kugira ngw’atuj’imbere munzira zacu zose

Yesu ashimwe cane bwoko bw’Imana. Shalom!

1AB’ITESALONIKE 4:7-8 Kukw’Imana itaduhamagariye guhumana,ariko yaduhamagariye kwezwa.Nico gituma uvyanka ataba yanse umuntu arikw’aba yanse Imana,kand’ari yo ibaha mpwemu wayo Yera.

Imana igomba ko twezwa,Nico gituma yadushikanyeko agakiza,ikaduhesha Yesu Kristo kugira ngo tumwizere Hama turokoke. Yesu yaduhaye mpwemu Yera yamana natwe,agendana natwe kugira ngw’atuj’imbere munzira zacu zose. Uwo mpwemu Yera aradukebura,aduhishurira amabanga,atunihira iminiho ku Mana, kandi yama atuzigamira mu gakiza. Iyo wanse kwumvira mpwemu Yera,ugira ibibazo kuko iyo uvuye murubwo buntu bwo kwezwa,uba wanse Imana.

Rero umvira mpwemu w’Imana kandi wame umuha ikaze mu mutima Wawe.

Dusenge: Mana mushobora vyose,turagukengurukiye,ngwino uduharire ibigabitanyo vyacu vyose,udushoboze kukwubaha nokwitondera ijambo ryawe,mpwemu wawe Yera tumuhaye ikaze mu mitima yacu ni mw’izina rya Yesu Kristo twizeye,Amen

Publicités