Ntubabazwe n’abakuvuga nabi. Ehe uburyo wobigenza.
– *Umugabo umwe yagiye kwa Shebuja, aramubwira ati:* Kanaka
yagututse. Nawe aramwishura ati: Ico n’igitabo ciwe mureke
acandikemwo ivyo ashaka vyose…
– *Uyundi mugabo yabwiye uwitwa mugenzi we ati*: Kanaka yagututse, na
we aramusubiza ati: Mbega satani nta yindi ntumwa yarose yo kuntumako
uretse wewe?
– *Umugabo umwe yagiye ku ncuti yiwe aramubwira ati:* Kanaka yakuvuze
nabi akwararaza. Uyundi nawe aramusubiza ati: Niba ivyo yavuze ari
ukuri, Imana imbabarire. Ati kandi niba ivyo yamvuze yambesheye, Imana
imubabarire.
– *Uyundi muntu nawe yabwiye incuti yiwe ati: Kanaka yagututse.
Aramusubiza ati:* Yandashe umwampi ntiwamfata, none ni kuki wikoreye
uwo mwampi ukawuzana kuwutera mu mutima wanje?
– *Undi na we yagiye kuvuga ibitamuraba abibwira umutama akuze, maze
wa mutama aramubwira ati*: Ukoze ivyaha bitatu:
1- Untandukanije n’umukunzi twabana
2- Umutima wanje wari utuje none uwushizemwo ingorane.
3- Utakaje umwanya wawe mu mutima wanje.
– *Umuntu uwme na we yagiye ku muyobozi aramubwira ati:* Kanaka ariko
arakuvuga nabi. Umuyobozi aramusubiza ati: Niba ivyo uvuze ari ukuri,
wewe uri ikimenabanga. Kandi niba ivyo uvuze ubesha, ubwo wewe uri
Gateranya.
Mwene Data, ari wewe bahaye izonyishu zose ubona wovyifatamwo gute?
Raba neza rero ntuzogwe mu mitego isa ‘iyo. Abakristo twese dukwiye
kwama twishura nkuko abatuzaniye amajambo!