Ishirahamwe Mpuzabahanza AWA ryatanze intererano y’amatora

Ishirahamwe mpuzabahanza AWA ryatanze intererano y’amatora ya 2020. Alfred Innocent MUSEREMU yavuze kw’izina ry’abari muri iryo shirahamwe, yavuze ko baje kwitaba akamo k’umukuru w’igihugu.

Iyo ntererano yatanzwe n’ishirahamwe mpuzabahanza AWA, ingana n’imiriyoni icumi na zine z’amafaranga y’amarundi (14000000frbu), kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 16 Rusama 2018, ikaba yatanzwe mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB.

Alfred Innocent MUSEREMU yavuze kw’izina ry’abatanze iyo ntererano, yamenyesheje ko baje gutanga kugira bakomeze ukwikukira kw’Uburundi, kugira kandi berekane ko Uburundi bushobora kwitunganiriza amatora.

Alfred Innocent MUSEREMU yavuze ko, badahejeje ariko bazobandanya baterera, uko uburyo buzoboneka kwose.

Publicités