Inama nkenguzamateka isaba inama nshingamateka ya Buraya kwishikira mu Burundi kuraba uko vyifashe

Inama nkenguzamateka y’Uburundi imenyesha ko itashimye na gato yumvise ko hari bamwe mu barundi bakurikiranwa n’ubutungane bw’igihugu c’Uburundi, batumiwe mu nama y’inama nshingamateka ya Buraya ku kibazo cerekeye Uburundi ku musi wa mbere igenekerezo rya 4 Ruheshi 2018.

Mw’ikete umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, Reverien NDIKURIYO, yarungikiye umukuru w’inama nshingamateka ya Buraya ,amenyesha ko bitumvikana kw’ibibazo vyerekeye igihugu muri rusangi hamwe n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro vyigwa inzego z’igihugu n’abahabwa ububasha n’ibwirizwa nshingiro batahari.

Reverien NDIKURIYO asaba inama nshingamateka ya Buraya kutabandanya ikorana n’abantu batazi uko igihugu cifashe ubu, kuko vyohava bituma imigenderanire hagati y’inama nkenguzamateka y’Uburundi n’inama nshingamateka ya Buraya itosekara mu gihe yahora imeze neza.

Muri iryo kete, umukuru w’inama nkenguzamateka, Reverien NDIKURIYO, arangiza asaba inama nshingamteka ya Buraya kwishikira mu Burundi kugira bibonere uko vyifashe hamwe no kwibonera ido n’ido y’inkuru z’ibinyoma bica ku mbuga ngurukanabumenyi zitangwa n’abashaka gusambura igihugu.

Publicités