Mubanze mwitwararike ivy’ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo,ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.

Yesu ashimwe cane. Shalom!

Matayo 6:33 Ariko mubanze mwitwararike ivy’ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo,ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.

Birashoboka ko umuvyeyi yokwibagira umwana wiwe, uruhinja rwiwe akarwibagira,ariko Uhoraho ntazigera akwibagira,kuko aragukunda,arakwitwararitse kandi arakwitayeho. Uwo niwe adasinzira kugira ngo tudahona. Imbaraga zacu ntabwo ari nyinshi kuburyo twohava twineshereza mubibazo no muntambara.

Ico Uhoraho adushakako nuko tumwubaha,tukitondera munzira zacu zose,hama nawe akagorora inzira zacu mugihe twamuragije urugendo turimwo.

Ejo hacu ntituhazi, ejo hacu satani ntahazi,ariko Uhoraho ejo hacu arahazi neza, nico gituma udakwiye guhagarika umutima wawe kubw’ejo, ahubwo ubwirizwa kuhasengera,uharagize Uhoraho nawe azohakuzigamira. Icambere kitubereye ni ugushika mw’ijuru kandi Yesu yaratwemereye ko tuzogirirwa neza tukiri mw’isi.

Ivyo bibazo,ingorane n’amagorwa bibwire Yesu aragukiza kandi ureme bizogusiga uri muzima.Ntabwo ubukene,inzara n’uguhamwa bizotuma upfa ariko uzovuga n’ijwi rirenga ngo Uhoraho nimwiza,kuko azoba ahejeje kugutabara.Niwizere Umana wongere uyitabaze woye kwibaza ngo ntigitabara.

Dusenge: Rugira vyose Uhoraho ndagushimiye ko ijambo ryawe ridahinduka,ivyo wavuze uzobishitsa Ku bana bawe,none tabara uwu muntu wese ari mukigeragezo kugira ishimwe ry’isumba vyose ryongere ribe indirimbo y’abacishijwe bugufi, ni mw’izina rya Yesu Kristo twizeye, Amen.

Publicités