Urunani Amizero y’Abarundi ngo ntirwatunganirijwe na sentare

Nyuma y’aho sentare y’ubahiriza ibwirizwa shingiro mu Burundi ku munsi w’ejo itangarije icese ivyavuye mu matora kw’ibwirizwashingiro, urunani Amizero y’Abarundi ruvuga ko ikirego carwo ciyumanganijwe.

Urwo runani rwari rwashikirije ikirego kuri iyo sentare nyuma y’itangazwa ry’ivyavuye mu mataro ya kamampaka yo mu kwezi guheze, yatsinzwe na « EGO » ku majwe arenga 73%.

Amizero y’Abarundi bareze bavuga ko amatora yabayemwo amakosa, mbere bamwe mu baserukiye urwo runani ku biro vy’amatora barirukanwa.

Uwaserukiye urwo runani mu gushingisha urwo rubanza, umushingamateka Pierre Celestin Ndikumana, yabwiye BBC ko sentare y’ibwirizwa shingiro yiyorohereje.

Yagize ati: « Iyo amatora abaye hakagira uwitwara, sentare ica ibanza guhagarika gutangaza ivyavuye mu matora, gushika humvirijwe ibirego vy’uwitwaye.

« Nta kigaraga cerekana ko urubanza rwacu rutari rufise ifatiro. Bishimikije itegeko rigenga amatora bavuga ko amategeko atahonyanzwe, ariko ivyemezo twabahaye ntibigeze berekana ko atari vyo. »

Nta rindi yungururizo?

Sentare y’ibwirizwa shingiro yatangaje ko ibirego vy’amizero y’Abarundi bidafise ifatiro ku buryo vyogira ingaruka ku vyavuye mu matora.

Urwo runani ntirwamenyesheje ico rugiye gukora, ariko ku rwego rw’u Burundi nyuma ya sentare y’ibwirizwa shingiro, nta rundi rwego ruriho rwo kwitwaramwo.

Amatora ya kwamarampaka kw’ibwirizwa shingiro ry’u Burundi rihinyanyuye yabaye itariki 17/05/2017, atsindwa n’abari bashigikiye iyo mpinyanyuro kw’isonga harimwo umugambwe uri ku butegetsi, CNDD FDD.

Kanda ngaha umenye ibikuru bikuru biri mw’ibwirizwa shingiro ry’u Burundi rihinyanyuye

Publicités