Abaserukira UE muri EAC n’ihembe rya Afrika basaba ko ibiganiro bihuza abarundi bisubira gutangura

Abaserukira ibihugu biri mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya muri Afrika y’Ubuseruko n’ihembe rya Afrika, bamenyesha ko bashaka ko ibiganiro vy’amahoro bihuza abarundi bisubira gutangura bihagarikiwe n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Amakuru dukesha ikinyamakuru The Eastafrican, amenyesha ko, abo baserukira ibihugu biri mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya muri Afrika y’Ubuseruko n’ibiri mw’ihembe rya Afrika, bavuze ko ibiganiro bitabaye amakungu ashobora gutakaza icizere mu bijanye n’ibiganiro mu karere.

Ku ruhande rwiwe, Okello Oryem, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubuganda n’ayandi makungu, yamenyesheje ko umukuru w’igihugu c’Ubuganda azofasha gutanga inyishu ku kibazo c’Uburundi kandi biciye mu nzira z’amahoro.

Uwo mubonano wabaye inyuma y’indwi zibiri gusa, umukuru w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, abwiye umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Kaguta Museveni, ko igikorwa co guhuza abarundi ataco kirashikako.

Publicités