Barack Obama aritezwe mu rugendo mu gihugu ca Kenya

Barack Obama yahoze arongoye igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, aritezwe mu gihugu ca Kenya, mu rugendo azogira kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi 2018.

Muri urwo rugendo rw’umunsi umwe, bivugwa ko Barack Obama azogiranira ibiganiro n’umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, imbere y’uko aja kuramutsa abo mu muryango wiwe mu gace ka K’Ogelo aho basekuruza biwe bavuka.

Urugendo rwa Barack Obama, azorubandaniriza mu gihugu ca Afrika y’Epfo, mu biganiro vyama biba ku mwaka ku mwaka, vyitiriwe Nelson Mandela yahoze arongoye ico gihugu.

Ikinyamakuru The East African, kimenyesha ariko ko, Barack Obama atazoba ari kumwe n’umuryango wiwe.

Izoba ari incuro ya mbere Barack Obama agendeye igihugu ca Kenya kuva avuye ku butegetsi mu kwezi kwa mbere, umwaka uheze wa 2017, mu gihe muri rusangi amaze kugendera ico gihugu incuro zitatu.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s