Gadget Man Samuel Karumbo: Umunyeshure yakoze imodoka ikoresha umushwarara w’izuba muri Kenya

Umunyeshure umwe wo muri Kenya yakoze imodoka ikoresha umushwarara w’izuba , imodoka itangaza abantu benshi mu karere abamwo no ku mbuga ngurukanabumenyi.

Samuel Karumbo w’imyaka 30, n’umunyeshure wo muri kaminuza y’ubuhinga ya reta mu gisagara ca Kitale, mu burengero bwa Kenya, akaba yarikoreye imodoka mu karere ka Landas, i Eldoret hagufi ya Kitale.

Avuga ko imodoka yiwe ifise ivyuma bitanga inguvu z’imishwarara y’izuba yayambitse, ishobora kugenda ibirometero 50 ku musi.

Ivyo vyuma bishobora gutanga inguvu y’imishwarara y’izuba zishika kuri wati 260.

Karumbo avuga ko ku murango, ivyo vyuma vyakira imishwarara y’izuba biheza bigahindura umuyagankuba ubikwa mw’ibateri zikoreshwa mu gutwara iyo modoka no mu gihe izuba riba ritariko riraka neza.

Iyo modoka ifise ibiro 120 kandi ku kamanuko ikoreshwa nk’inguvu z’isi hagukoresha umuyagankuba.

Inguvu z’imishwarara y’izuba zikoreshwa mu kuduga canke mu duce harimwo utudugo.

Publicités