Guatemala : Abantu 25 bitavye Imana bahitanywe n’ibitunga

Abajejwe intwaro mu gihugu ca Guatemala bashizeho umunsi w’ikigandaro c’iminsi itatu, inyuma y’aho abantu bashika mirongo ibiri na batanu bahitaniwe n’ikirunga casheshe.

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ikirunga Fuego casheshe ubuyi bw’umuriro kinarungika mu kirirere ivyuka bivanze n’umunyota, kure gushika ku metero ibihumbi cumi uhereye ku kiyaga.

Ayo makuru ya BBC, amanyesha ko, vyaciye bituma ikibuga c’indege mpuzamakungu kihegereye gica gihagarikwa kwakira indege.

Ikigo kijejwe impanuka ziterwa n’amakuba kivuga ko agace kabamwo abantu ka ka El Rodeo kapfukiriwe n’iminyota hamwe n’ubuyi bw’amabuye bwasheshwe n’ico kirunga.

Abajejwe gutabara ntibarashobora gushika mu bigwati vyakozweko kandi ibimenyeshamakuru vyaho bivuga ko bishoboka ko abantu bashika ijana boba bahasize ubuzima.

Iradiyo y’abongereza BBC, ivuga ko ibikorwa vyo gutabara vyasubiye gutangura.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s