unomusi, nshaka gutanga impanuro,kubintu bimwebimwe.

Yesu ashimwe! Shalom!

unomusi, nshaka gutanga impanuro,kubintu bimwebimwe.

1. Birateranye isoni igihe uba wiyita umukizwa ariko ugapfa kurungikira abantu canke mu ma group ivyo ubonye vyose: Ifoto zabambaye ubusa,imiziki n’iibindi biterasoni, ama video yubusambanyi,….

2.Utumenyetso twose ubonye sivyiza gupfa kudukoresha:akatorero 👌aka kamenyetso karimwo 666 uravye neza urabonamwo intoke zibiri zigize umuzingi n’izindi zitatu zihetamye. Ako kamenyetso gafise insiguro mbi,sivyiza ko tugakoresha.

3.Ikindi kintu kibabaje, ni ukubona umuntu yandika ubutumwa bwiza,agaca ashirako ngo rungikira abantu 10 . Mbere hakabamwo iterabwoba ngo utabirungitse ugiye kubona igihano.Twikebuke, kuko iyo utarenzako iryo terabwoba abantu bari kubihanahana, Mpemu Yera ntabwo azana amanyama canke iterabwoba.

4. Ukazobona ibintu bikubwira ngo. Rungika ningoga ubunyene kugira uronke umugisha canke ngo utabikoze uronke ibihano. Ninde yabahenze.Imana ntikorera mu kavuyo.

Abanyantege nke baca banyaruka kurungika,ariko twame twiga kubintu neza, maze kubona mwenivyo simbankibirungitse kuko Yesu ni umunyamahoro,ntiyaje kuduteza ubwoba atari ukutwigishanya urukundo.Rero ntuhore urungikira abantu itera bwoba ngo umuvumo n’amagorwa bibajeko.

5. Kuri izi mbuga ngurukana bumenyi haca ibintu vyinshi. Ndagusavye ngo umwanya wawe uwukoreshe mukuraba ibigufitiye akamaro,ibituma udakura muburyo bw’impwemu ivyo ni igihombo.

Publicités