17.205.705.664 y’amarundi niyo amaze gutangwa nk’intererano y’amatora ya 2020

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta, amenyesha ko gushika kw’igenekerezo rya 31 Rusama 2018, intererano yose y’amatora yo mu mwaka wa 2020 yari imaze gutangwa yangana n’amafaranga 17.205.705.664 y’amarundi. Domitien NDIHOKUBWAYO, avuga ko Reta y’Uburundi itegekanya guterera imiriyaridi 12,5 z’amarundi, muri uno mwaka wa 2018.

Mu kiganiro yahaye abameneyeshamakuru kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 5 Ruheshi 2018, amenyesha ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta mu mezi atatu ya mbere y’umwaka wa 2018, umushikiranganji Domitien NDIHOKUBWAYO, avuga ko gushika kw’igenekerezo rya 31 Rusama abakozi ba Reta bari bamaze gutanga 2.688.217.781 z’amarundi.

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Domitien NDIHOKUBWAYO, amenyesha ko ku ruhande rw’abari mu gisata ciswe abandi, harimwo amashirahamwe n’ibindi bisata, muri ico kiringo bari bamaze gutanga 6.234.323.549 z’amarundi.

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, umushikiranganji Domitien NDIHOKUBWAYO, amenyesha ko, Reta titeguye guterera amafaranga ashika imiriyaridi 70 z’amarundi, mu matora ya 2020.

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta, amenyesha ko Reta yizeye ko ayo mafaranga izoyegeranya ata mfashanyo z’abanyamagahanga zigiyemwo.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s