Ingingo ibuza abanyagihugu kubaga impene igiye guhagarara

Umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA, amenyesha ko kuva kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi 2018, ingingo ibuza abanyagihugu kubaga impene, izohagarara.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 5 Ruheshi 2018, umushikiranganji Deo Guide RUREMA, amenyesha ko iyo ngingo izohagarikwa, kuko n’isekeza ryo gucandaga impene bazikingira indwara y’akaranda ryaheze.

Deo Guide RUREMA, amenyesha ko isekeza ryo gucandaga ryari ryatanguye kw’igenekerezo rya 29 Ndamukiza, ryarangiye inyuma y’ukwezi kw’igenekerezo rya 29 Rusama 2018.

Umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, amenyesha ko amafaranga 3327 vy’amadorare y’abanyamerika, ariyo yatanzwe kugira afashe mw’isekeza ryo gucandaga impene, bazikingira indwara y’akaranda.

Mu mpera z’umwaka wa 2017 niho hatangura kuvugwa indwara y’akaranda k’impene, mu ntara ya Gitega, aho gushika kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2017, ivyegeranyo vy’ubuhikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi vyerekana ko mu mpene zatanzwe mu mugambi LEVEMPII izishika 3044 zari zimaze gupfa.

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi buri kumwe n’abajejwe intwaro, bahavuye bafata ingingo yo guhagarika vy’infatakibanza amasoko adandaza ibitungwa bito bito, no guhagarika ko ibitungwa bitembera hagati y’intara za Gitega , Kirundo na Mwaro.

Publicités