Ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwiga igice ca kabiri c’ishuri nshingiro catanguye gukorwa

Abanyeshuri biga mu mwaka w’icenda w’ishuri nshingiro batanguye gukora ikibazo kibaha uburenganzira bwo kwinjira mu gice ca kabiri c’ishuri nshingiro, kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 5 Ruheshi 2018. Ivyigwa vya Entrepreneuriat na Sciences humaines mu rurimi rw’igifaransa nivyo vyakozwe ku munsi wa mbere.

Umushikiranganji w’indero inyigisho z’ubuhinga n’imyuga,Janviere NDIRAHISHA niwe yuguruye ku mugaragaro ico kibazo, akaba yabikoreye i Nyakararo, mu ntara ya Mwaro.

Ico kibazo kizokorwa kuva kw’igenekerezo rya 5 gushika kurya 7 Ruheshi 2018, bikaba vyitezwe ko abanyeshuri 9925 aribo bazokora ico kibazo gitanga uburenganzira bwo kwiga igice ca kabiri c’ishuri nshingiro.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’indero, ariko atanguza igikorwa co gutora ico kibazo, yamenyesheje ko ico kibazo kizokorerwa mu bibanza 1015 vyategekanijwe mu gihugu cose, ivyigwa vy’igifaransa, ibiharuro, icongereza, igiswahiri, icigwa c’ubuhinga, n’icigwa co kwitunganiriza imirimo, akaba arivyo bizokorwa.

Publicités