AJAP risaba Reta y’Uburundi guhamagaza Michel KAFANDO kugira yisigure

Ishirahamwe ry’Urwaruka mparaniramajambere ku rwego rwa Afrika AJAP, rimenyesha ko ryatangajwe n’ivyashikirijwe n’intumwa idasanzwe y’umunyabanga mukuru wa ONU mu Burundi, Michel KAFANDO, ko amatora yabayemwo utunenge. Ishirahamwe AJAP rigasaba amashirahamwe mpuzamakungu kutivanga mw’itunganywa ry’Uburundi.

Mw’itangazo ry’Ishirahamwe AJAP ryo kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 5 Ruheshi 2018, Umukuru w’ishirahamwe AJAP, Eric NSENGIMANA, amenyesha ko badatahura ingene Michel KAFANDO yagize ico avuze ku matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro kandi ata murorerezi n’umwe yarungitse mu gihe c’amatora.

Muri iryo tangazo, umukuru w’ishirahamwe AJAP, asaba Reta y’Uburundi gutumako intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi, kugira yisigure kuvyo yavuze, ku bijanye n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Ishirahamwe ry’Urwaruka mparaniramajambere muri Afrika, AJAP, rirashimira sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, kuba ryaremeje ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Ishirahamwe AJAP risaba abarundi kubandanya batsimbataza gutekana, rigasaba Reta kubandanya ibikorwa biteza imbere Uburundi.

Publicités