Umunyamabanga mukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri yakuwe mu mabanga

Komite nkuru y’umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri Iragi rya NDADAYE wahagaritse mu mabanga David NIYONCUNGU yahora ari umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe. Kefa NIBIZI arongoye uwo mugambwe, amenyesha ko mu vyatumye ahagarikwa mu mabanga, ar’uko atarangura neza amabanga ashinzwe.

Mw’ikete umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri Iragi rya NDADAYE, Kefa NIBIZI, yandikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, amenyesha ko, mu gihe kw’igenekerezo rya 3 Ruheshi 2018 hari hategekanijwe inama idasanzwe yiga uko imyiyamamazo yagenze, abari muri komite nkuru y’umugambwe ku rwego rw’igihugu 35 kuri 44 bayigize banditse basaba ko hakorana inama idasanzwe yiga ku kibazo ca David NIYONCUNGU.

Muri iryo kete, Kefa NIBIZI, arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri Iragi rya NDADAYE, amenyesha ko mw’ikete abo 35 banditse, bagiriza David NIYONCUNGU umunyabanga mukuru w’umugambwe kuba atarangura neza amabanga ajejwe, no kuba afise imyifato ishobora gutuma ibikorwa vy’umugambwe bisubira inyuma.

Kefa NIBIZI amenyesha ko abagize komite nkuru y’umugambwe bamaze guhanahana ivyiyumviro, bashize ahabona ivyemeza ko David NIYONCUNGU adashoboye kurangura neza amabanga y’umunyamabanga mukuru w’umugambwe, hamwe n’imyifato yiwe ituma umugambwe usubira inyuma aho gutera imbere.

Umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri Iragi rya NDADAYE, avuga ko bamaze gushira hamwe iviyiyumviro bagatanga umwanya kandi kuri David NIYONCUNGU wo kwisigura, bafashe ingingo yo guhagarika David NIYONCUNGU mu bunyamabanga bukuru bw’umugambwe, gushika habaye ihuriro ry’umugambwe rizovuga kuri kazoza kiwe.

Publicités