Cankuzo : Abacamanza babiri ba sentare y’intango bahagaritswe

Abacamanza babiri bo mu ntara ya Cankuzo bari mu minwe y’ubutungane kuva kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 5 Ruheshi 2018. Muvyo bagirizwa, harimwo gutuka abacamanza.

Abo bahagaritswe ni Chantal Nizigama na Odette Hatungimana, bose uko ari babiri ni abacamanza muri sentare y’intango ya Cankuzo.

Amakuru ava mu Cankuzo, amenyesha ko abo bakenyezi babiri, boba banse ishirwa mu ngiro ry’urubanza rujanye n’amatati y’itongo, ku mutumba Muyaga, wa komine n’intara ya Cankuzo.

Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE, aremeza ayo makuru, akamenyesha ko uko ari babiri, bagirizwa kugira imirwi irwana hamwe no gutuka abacamanza.

Agnes BANGIRICENGE, avuga ko ubu bariko barabazwa muri parike nkuru ikukira sentare isubiramwo imanza mu ntara ya Gitega.

Publicités