Etiyopiya : Umupasitori yishwe n’ingona ariko arabatiza

Umupasitori wo mw’idini ry’abaporoti yitavye Imana ariwe n’ingona, mu gihe yariko arabatiza abakirisu bashasha, mu bumanuko bw’igihugu ca Etiyopiya.

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko igipolisi n’abanyagihugu bavuze ko, abantu bashika 80 aribo bariko barabatizwa igihe Pasitori Docho Eshete yicwa n’iyo ngona, hari kuw’Imana uheze mu gisagara ca Arba Minch, muri komine ya Merkeb Tabya.

Umwe mu baba mu karere vyabereyemwo, yabwiye BBC, ko uwo mu pasitori yabatije umuntu wa mbere munyuma aja kuwa kabiri, ariko mu mwanya muto, ingona isimba iva mu kiyaga ica ifata pasitori, nawe asunikira hirya umuntu yariko arabatiza.

Iradiyo y’abongereza BBC,imenyesha ko abanyagihugu hamwe n’abarovyi bagize uko bashoboye ngo batabare pasitori Docho ariko barananigwa.

Umuporisi akorera muri ako gace, yemeje ariko ko, ikiziga ca Pasitori Docho cabonetse.

Publicités