Inkombe z’ikiyaga Tanganyika mu Burundi ziriko ziraguka

Haraciye hafi amezi abiri amazi y’ikiyaga Tanganyika yongerekanye ku rugero rutari rumenyerewe, ubunywero bumwe bumwe bwubatswe ku nkengera z’ikiyaga bukaba bwaratwawe.

Hari aho usanga amazi yarinjiye kw’isi gushika nko ku metero mirongo.

Abanyagihugu usanga bariko bararoba amafi hafi y’ibarabara kubera ikiyaga gisigaye kihashika.

Bene amatongo yatwawe basaba reta kubafasha kurondera ubuhinga n’ibikoresho vyofasha gusubiza inyuma amazi no kuyatangira.

Abo banyagihugu bavuga ko ingorane yoba yatewe n’imvura nyishi yaguye mu misi iheze mu gisagara no mu micungararo yaho, ishobora kuba yatumye inzuzi zisuka mu kiyaga zuzura.

BBC iriko irabaza abajejwe intwaro hamwe n’abahinga icoba cabiteye hamwe n’ikigiye gukorwa kuri iki kibazo.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s