Kenya : igihugu ca Cuba carungitse abaganga bafasha abahari.

Abaganga mirongo itanu bavuye mu gihugu ca Cuba bari mu gihugu ca Kenya, mu ntumbero yo gufasha kurwiza igitigiri c’abaganga, mu turere twa Kenya tubuzemwo abaganga.

Urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC dukesha iyi nkuru, rumenyesha ko abandi baganga 50 b’abahinga vyitezwe ko bashika mu mpera z’ino ndwi hakurikijwe umwumvikano uzotuma abaganga benshi bo muri Kenya bahabwa inyigisho mu gihugu ca Cuba.

Naho biri ukwo, BBC ivuga ko, rimwe mu mashirahamwe y’abaganga yo muri Kenya ryavuze ko uwo mwumvikano atari mwiza, kuko hasanzwe hari abaganga bakwiye mu gihugu.

Iryo shirahamwe kandi ryemeza ko kuzana abaganga bavuye mu gihugu ca Cuba bizobera intambamyi imigambi yo kunagura ubuvuzi muri Kenya hamwe no kwongera imishahara.

Mu mwaka uheze abaganga bo muri Kenya bahagaritse akazi ameze atatu bavuga ko bahembwa nabi kandi bakagira ibikoresho bidakwiye.

Publicités